NEWS

Sentare Nkuru Ya EAC Yahakanye Urubanza Rw’Uburundi.

on

Ku wa 6 Ntwarante 2018, Sentare y’ ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko( East African Court of Justice, EACJ) yamenyesheje ko ‘urubanza Uburundi rwari rwashikirije ku bijanye n’ukuba umuvugizi w’Inama Nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko( EALA) yatowe mu buryo budahuje n’amategeko, rwafuswe’. Iyo Sentare ikaba yamenyesheje ko urwo rubanza rwarengewe n’ivyamaze kuba, nk’uko EACJ ibimenyesha.

Uburundi bukaba bwari bwashikirije imyidogo yabwo ko butemera itorwa ry’umunya Rwanda kuba umuvugizi wa EALA, Martin Ngoga. Sentare ikaba yaraye imenyesheje ko ibiro vy’umuvugizi wa EALA vyamaze gutangura ibikorwa vyawo inyuma yo gutorwa.

Ku bw’ivyo, Sentare Nkuru ya EAC( East African Court of Justice) yaciye ihagarika ico kibazo cavyuwe n’ Uburundi kiza kivuguruza uko amatora yagenze muri rusangi, ko cihwejwe mu buryo buhagije.

Leta y’Uburundi ikaba yari yaritwaye isaba ko itorwa rya Martin Ngoga ritakurikije amategeko kubera ko bisabwa ko amatora aba ahuje n’amategeko mu gihe abatora bashika 1/3 nk’uko ingingo ya 12 ya EALA ibivuga. Ayo matora akaba yari yabaye ibihugu vy’Uburundi na Tanzania bitarimwo, vyiyonjoroye.

Uburundi bukaba rero bwariko burasaba ko umuvugizi wa EALA yosubira gutorwa kubera ko ayo matora y’umuvugizi wa EALA yahonyanze ingingo ya 12 y’amategeko ya EALA agenderwako.Nk’uko abihweza ibintu n’ibindi babivuga, ivyo vyose bikaba biva ku kutabona ibintu kumwe hagati y’Uburundi n’Urwanda kuva mu mwaka wa 2015.

Recommended for you