NEWS

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yasanze Bosco Ntaganda yarakoze ivyaha vyo mu ntambara

By

on

Uwo yahoze arongoye ingabo zigwana mu gihugu ca Congo iharanira Demokarasi yagirizwa kwica ikivunga abanygihugu no gufata ku nguvu abakenyezi no kwinjiza abana bakiri bato mu gisirikare.

Rebel General Ntaganda Bosco standa in his mountain base on January 11, 2009 in Kabati, 40km north west of the provincial capital Goma. General Bosco has declared himself the new leader of the CNDP (National Commitee for the Defence of the People) and said that General Laurent Nkunda is no longer in command. CNDP rebels pushed back government troops to the outskirts of Goma in a recent offensive. AFP PHOTO / LIONEL HEALING

Bakaba bamutazira Terminator, Bosco Ntaganda, ubu afise imyaka 45, avugwa ko yakoze amahano mu myaka ya 20202 na 2003 muri Ituri muburaruko bwa Congo, akarere karimwo imirwi myinshi igwana kandi karimwo ubutare bwinshi, nkuko bivugwa n’abacamanza.

Umucamnza Robert Fremr akaba ariwe yasomye urwo rubanza, Bosco Ntaganda akaba yagirizwa ivyaha 18 vyo mu ntambara. Bosco Ntaganda akaba yaje mur’urwo rubanza yambaye ikoti yirabura aboneka ko yijiriwe. Akaba ashobora gucirwa urubanza rwo guherayo naho afise ububasha bwo kwunguruza. Ariko ibihugu vy’Afrika bikaba vyagiriza iyo sentare gucira imanza gusa abanyafrika.

Recommended for you