NEWS

Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaga CPI Yasubiriye Kwugurura Amatohoza Ku Mabi Yakozwe Mu Burundi!

on

Abacamanaza Mpuzamakungu bo muri ya Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI basubiriye gutangaza ku mugaragaro kuri uyu musi wa wa 9 Munyonyo 2017 ko amatohoza ku mabi yakozwe mu Burudi yasubiriye kwugururwa. Ivyo bibaye mu gihe Uburundi bwaheruka kuva ku mugaragaro muri iyo Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI. Abatari bake baribaza uwugiye gutahukana intsinzi hagati ya CPI n’Uburundi.

Abo bacamanza batatu ari Chang-ho Chung, A. Kesia-Mbe Mindua na R.C. Pangalangan ( ku mafoto)

https://twitter.com/Ikiriho/status/928613292179906561

Ibi bikaba bimaze kugaragara ko vyashavuje abatari bake mu bategetsi b’Uburundi na rirya haherukwa guhimbaza ukwigina intsinzi ku Burundi ko bwavuye muri CPI. Abandi nabo bari n’akanyamuneza ko nyabuna ababuze ababo n’abandi bahohotewe bagiye gutunganirizwa.

Nkuko AFP yabimenyesheje, ingingo yo gutohoza mu buryo bwimbitse amabi yakozwe mu Burundi(harimwo nabantu bashika ku 1200 bashobora kuba barishwe) yafashwe n’abacamanza bo muri Sentare Mpuzamkungu Mpanavyaha CPI ku wa 25 Gitugutu 2017, hagisigaye imisi ibiri gusa ngo Uburindi ngo buve muri CPI, bwagiriza CPI guhohotera ibihugu bimwe bimwe vya Afrika.

Ariko rero iyo ngingo yo gutanguza amatohoza mu buryo bwimbitse ikaba yagumye inyegejwe kugira abahohotewe bakingirwe hamwe n’abazohava baba amasura ku mabi yakozwe. Fatou Bensouda, arongoye CPI, akaba yakiranye urweze iyo ngingo, maze akaba yiyemeje “gukorana inguvu” mu gutohoza; ariko akaba yamenyesheje ko gusa ari intango y’igikorwa gishobora gutwara umwanya kugira haboneke ivyemezo bikwiye.

Fatou Bensouda akaba yamenyesheje AFP ko mu matohoza yibanze habaye “ubwicanyi ku banyagihugu, ugufungwa, ukuborezwa igufa, ugufata ku nguvu hamwe n’ubundi bwoko bwo guhohotera mu vy’igitsina”. Akaba yamenyesheje n’umugwi w’abantu bagizweko iryo totezwa rikomeye.

Abo bacamanza ba CPI bakaba bahaye ububasha Fatou Bensouda bwo “kwugurura amatohoza ku bijanyi n’amabi yakozwe mu Burundi kuva ku wa 26 Ndamukiza 2015 gushika ku wa 26 Gitugutu 2017”. Ariko rero, umucamanza arafise Uburenganzira bwo gutohoza no ku mabi y’imbere canke inyuma y’ayo matariki mu gihe “ibisabwa binaka bijanye n’amategeko vyoshitswa.

Iyo ngingo ikaba yanezereje bamwe maze ibabaza abandi. Uwujwejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe yamenyesheje mu butumwa bwiwe kuri Twitter ko ‘impera n’imperuka Uburundi buzotahukana intsinzi…ko CPI ihengamye…’ Abaharanira agateka ka zina muntu bobo bakiranye urweze “iyo ngingo iranga uburundutsi” ya CPI, naho bavuga ko ayo matohoza yimbitse azohura n’intambamyi kubera ko leta y’uburundi idashaka kugira uruhara muri ayo matohoza.

Recommended for you