NEWS

Sentare Mpuzakungu CPI Yashize Ahabona Icegeranyo C’Ugutangura Amatohoza Ku Burundi.

on

Naho Uburundi bwamaze kuva ku mugaragaro muri ya Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI y’i La Haye mu Buholande, iyo Sentare n’ubu ibandanya imenyesha ko igifise ububasha bwo gukora amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi kuva Ndamukia 2015 gushika kuwa 26 Gitugutu 2017. Iyo Sentare ikaba yashize ahabona icegeranyo uyu musi c’ukwugurura amatohoza ku gihugu c’Uburundi.

Iyo Sentare ikaba isanzwe yagirizwa n’ibihugu binaka vyo muri Afrika harimwo n’Uburundi, ko icira imanza gusa abategetsi bo muri Afrika mu gihe abakoze amabi b’i Buraya na Amerika badakorwako ngo bacirwe imanza. CPI ibandanya imenyesha ko ifise ubururenganzira bwo gutohoza ku mabi yakozwe mu Burundi.

Muri urwo rwandiko rwagiye ahabona( ushobora gusoma ico cegeranyo ngaha : https://www.icc-cpi.int/CourtRecords/CR2017_07031.PDF ), handitswemwo hati : « Ukuva muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI ntaco guhindura ku bubasha Iyo Sentare ifise. Iyo sentare ibandanya ifise uburenganzira bwo gutohoza no guca imanza ku mabi yakozwe mu Burundi canke yakozwe n’abava mu Burundi gushika ku wa 26 gitugutu 2017 ».

Mukibuka ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU naryo riheruka gushira ahabona icegeranyo aho ryamenyesheje ko abategetsi bakuru bakuru muri Leta y’Uburundi, Imbonerakuru hamwe n’abandi bamwe bamwe bari mu batavuga rumwe na Leta no mu mirwi yitwaje ibirwanisho, bagirizwa kuba barakoze amabi y’agahomerabunwa kuva muri Ndamukiza 2015.

Recommended for you