NEWS

Sentare Ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro ‘yemeje Intsinzi ya “EGO”.

on

Uyu musi niho vyitezwe ko ariho Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa shingiro mu Burundsi ivuga ijambo ryo kwemeza ibiharuro vyari vyashizwe ahabona n’umugwi ujejwe amatora mu Burundi,CENI, mu kuvuga ko amatora yagenze neza canke nabi, canke ivyavuyemwo vyemejwe.

Iyo Sentare ikaba yamenyesheje ko ‘amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro yabaye hisunzwe amategeko’, nk’uko Charles Ndagijimana arongoye iyo sentare yabimenyesheje.

Ku bwivyo, naho urunani Amizero y’Abarundi rwari rwashikanye ibirego muri iyo sentare nyene ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ko ‘amatora ya 17 rusama yabayemwo utunenge twinshi maze ko yofutwa ivyavuyemwo’, Sentare yamenyesheje ko ivyo urunani Amizero y’Abarundi ruvuga ‘bidafise ishingiro‘.

Gutyo rero, ibiharuro vyari vyashizwe ahabona na CENI biciye biba ntabanduka. CENI yari yashize ahabona ko “EGO” yatsinze ku majwi 73,26 kw’ijana, mu gihe “OYA” nayo yari yaronse ibice 19,34 kw’ijana.

Recommended for you