Ibi bishobora kuba atari umuririmvyi Sat B wenyene bibabaza cane ariko hariho n’abandi baririmvyi benshi bo babura uko babigenza ndetse bagaca bahitamwo kwinumira, K’umuririmvyi w’igihangange mu muziki wu Burundi ”Sat-B, we siko bimeze kuko yashimye gushikiriza umumabaro afise bivanye n’ukuntu abaririmvyi b’abarundi badahabwa agaciro mu muziki wabo.
Ibi rero akaba abivuze nyuma yaho aheruka guhabwa agashimye ariko mukukakira akaba aterekanye umunezero , abenshi rero bahise bipfuza kumenya impanvu umuririmvyi nka Sat-B ashobora guhabwa agashimwe ariko agasa nk’uwugasuzugura.
Mu kiganiro uno muririmvyi aheruka gutanga, we avuga ko bibabaje cane kuba umuririmvyi yitanga agakora cane ariko hageze igihe c’amahiganwa ugasanga arakumirwa cane ndetse ntibigere babona ko arico amaze mu muziki wu Burundi.
Sat B yagize ati : Nibaza ko atamuntu akora ikintu adafise impanvu, kuba bariyunviriye kumpa agashimwe ( Award ) ni ibintu vyiza cane ariko kuri jewe nunvise intuntu n’agahinda katagira uko kangana k’umutima wanje kuba nirirwa ndakora mpangayika kumunsi kumunsi, amasaha kuyandi, niyunvira umuziki ariko kurabo bategura amahiganwa ntihagire nagato biyunvira ko Sat B ngize ico maze muri industry y’umuziki wu Burundi, kuri jewe rero nunvise umubabaro udasanzwe.
[youtube id=”SqfX4ib7Mcg” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]