Nyuma y’ukwezi n’igice umuririmvyi wigihangange Sat-B ari mugisagara ca Nairobi ( kenya ) muvyakazi , unomusi niho yatahuka aza kwitabira igiteramo gitunganijwe na IKOH Multiservice.
Umunezero wari wose kubantu intsinzi bishikiye gutegera Sat b kukibuga c’indege kubona agarutse amahoro inyuma y’ukwezi n’igice yari amaze ari muri Kenya kwitabira ubutumire Kidum yari yamuhaye bwo gukorana nawe indirimbo .
Sat b igihe yashika kukibuga c’indege yavuze ati :” Ndaryohewe cane kubona nsubiye iwacu , birampimbaye rwose , narashoboye kwiga ibitari bike igihe nari i Nairobi , abaririmvyi bomuri Kenya bafatwa neza cane , barabaha icubahiro mugabo abino iwacu ntakibanza bahabwa , birababaje .” Muvyatumye agaruka yihuta ,yatumenyesheje avuga ati :” Ubu icatumye nyaruka kugaruka mu Burundi n’ibiteramo 2 nje kwitabira.