NEWS

Sankara amenyesha ko yafashwa n’Uburundi n’Ubuganda.

on

Mu butungane uyu musi wa kane aho Callixte Nsabimana yitaziriye Sankara, yamenyesheje ko mu bitero vyose yakoze mu Rwanda na cane cane mw’ishamaba cimeza rya Nyungwe, yafashwa cane n’abategetsi b’iperereza ryo mu Burundi hamwe n’Ubuganda.

Nk’uko bimnyeshwa n’ikinyamakuru ca leta yo Mu Rwanda, News Times, Sankara yamenyesheje ko ‘yategeka ko haba ibitero ku nyubakwa za leta, agaturira ibiraro, agatera ibirindiro vy’abasirikare hamwe n’abapolisi’.

Ariko, Callixte Nsabimaana nk’uko yabimenyesheje Ubutungane, ntiyigeze yemanga ko yigeze ategeka kwica abasivile ataco bazira.

Ahubwo Sankara akaba yavyegetse ku gisirikare c’Urwanda ko arico caca gihitaniza abanyagihugu.

Sankara akamenyesha mbere n’amazina y’abakora  mwiperereza rya Uganda n’Uburundi bamufasha ariko binyegeje muri uwo mugambi wiwe wo guhungabanya Urwanda.

Ariko Sankara akaba amenyesha ko imfashanyo yose yaronka mu Burundi, leta y’Uburundi hamwe n’igisirikare bitari bibirimwo ahubwo ko yakorana na bamwe mw’iperereza bihisha kugira ngo ama leta bakukira ntabimenye.

 

Recommended for you