Umugambwe Sahwanya FRODEBU wemanga ko ubwicanyi bwabaye mu Burundi mu mwaka w-1972 ari ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw-abahutu. Vyashikirijwe na Pierre-Claver Nahimana arongoye uwo mugambwe mu kiganiro yahaye abanditsi n-abmenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 nyakanga 2021.
Pierre-Claver Nahimana asaba umurwi wo kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi CVR kunyarutsa amatohoza yawo mu ntumbero yo kwemeza ubwo bwicanyi bwabaye mu mwaka w-1972 ko ari ihonyabwoko ryakorewe abahutu.
ˮUmugambwe Sahwanya FRODEBU uracahagaze kuvyo wamye ushikiriza kuva mu mwaka w-1992 kuvyerekeye ivyago vyashikiye uburundi mu mwaka w-1972 gushika mu mwaka w-1973 ni ihonyabwoko ryakorewe abahutu bo mu Burundi . Iryo honyabwoko ryakozwe n-ubutegetsi bwa gisirikare bwari burongowe na Colonel Michel Micombero. Ubwo butegetsi nibwo kandi bwegekwako amabi y-agahomerabunwa yabaye muri ico gihe nk-ubwicanyi bwakorewe abatutsi n-abandi barundi bishwe kuko bihenze bagira ngo ni abahutu n-abandi bazize ngo bashigikiye intwaro ya Cami‟ Niko Pierre-Claver Nahimana asigura.
Uwo arongoye Sahwanya FRODEBU iki gihe avuga kandi ko kubona umugambwe arongoye uhaguruka iki gihe kuvuga imvugo nkiyo kandi warigeze kuba uramutswa igihugu, nuko ngo bitari gukunda kuko hari mu gihe c-intwaro mpfata kibanza, iyo nayo ikaba yaciye yihutira ibindi bikorwa nk-ibikorwa bijanye no gucanga igisirikare n-igipolisi, ibikorwa vy-umutekano hamwe n-ibikorwa bijanye no gutegura ibwirizwashingiro rizogenga igihugu mu bihe bizoza.