Umugambwe SAHWANYA FRODEBU umenyesha ko ushima ivyavuye mu rubanza rw-abagize uruhara mw-igandagurwa ry-umukuru w-igihugu Melchior Ndadaye. Umukuru w-umugambwe Pierre-Claver Nahimana yabishikirije kuri uyu wa gatatu kuri Radiyo n-imboneshakure Isanganiro, ni mu gihe buca hibukwa imyaka 28 ihaciye uwo yari yatowe ngo arongore uburundi agandaguwe.
Mw-ico kiganiro yahaye Radiyo n-imboneshakure Isanganiro, Pierre-Claver Nahimana asaba abarongoye igihugu gushira ivyavuye muri urwo rubanza nka kimwe mu ntambwe zofasha abarundi gusubiza hamwe.
Tubibutse abategetsi batari bake bigeze kurongora uburundi harimwo umuhisi Petero Buyoya bciriwe urubanza rwo guherayo n-ubutungane bw-uburundi bahorwa ko bagizemwo uruhara runini mw-igandagurwa ry-umuhisi Perezida Melchior Ndadaye.