Thursday, December 1, 2022
HomePoliticsRWASA yibaza nyimba abamaze imisi bafata ingingo boba bazirikana imiryango baboyehe amaboko...

RWASA yibaza nyimba abamaze imisi bafata ingingo boba bazirikana imiryango baboyehe amaboko i mugongo.

Umugambwe CNL uranegura ingingo zimaze igihe zifatwa n-ubutegetsi bw-umugambwe CNDD-FDD. Zimwe mu ngingo umukuru w-umugambwe yagarutseko igihe inyankamugayo z-uwo mugambwe m’uturere two mu mirwa n-imbo zari ziramutse zihimbaza kuri uyu w-Imana  mu myaka itatu iheze umugambwe CNL wemerewe gukora, ni nk-ingingo ziburagiza abunguruza ibintu n-ibintu hakoreshejwe amakinga, amapikipiki n-ama Tuk-Tuk. Agathon Rwasa arongoye CNL akaba yibaza nyimba abafashe iyo ngingo bazirikana imiryango baboheye amaboko i mugongo ukwo ingana. Kubwiwe, hari hakwiye inama n-ingingo imbere yo gufata ingingo be n-izo.Image

Agathon Rwasa ati :«…Ndiko ndibaza nti wawundi nawe yanagura Tuk-Tuk igize ikibazo, umwe yanagura imoto igize ikibazo, umwe yanagura ikinga yagize ikibazo, uwo nawe ivyiwe vyifashe gute? Gufata ingingo sawa! Ineza mu gufata ingingo niyo yagomba kuja imbere, kandi abantu bakaja inama n-ingingo»

Mw-ijambo rya Agathon Rwasa yongeye aragira ico avuze ku ngingo ubushikiranganji bw-indero yo kubariza hamwe abanyeshure. Kubwiwe, ngo ntivyumvikana ingene umuntu amara imyaka yicaye mu biro hama agashingwa gutora ikibazo c-abanyeshure.

Must Read