Thursday, December 1, 2022
HomePoliticsRWASA avuga imyaka ibiri Perezida Ndayishimiye amaze ku butegetsi yaranzwe n'amajambo asosa...

RWASA avuga imyaka ibiri Perezida Ndayishimiye amaze ku butegetsi yaranzwe n’amajambo asosa atagira ibikorwa.

Imyaka ibiri iheze Perezida Varisito Ndayishimiye aramutswa ubutegetsi bw’igihugu c’uburundi yaranzwe n’icizere gifatiye ku majambo meza yiwe ariko nubu akaba atakirahinduka biguma biherera mu majambo.Vyavuzwe na Agathon RWASA arongoye umugambwe CNL kuri uyu w’Imana imbere y’abanywanyi b’uwo mugambwe hari ku mutumba Gatonga muri Komine Giharo intara ya Rutana.Image

Umushingamateka Agathon RWASA akavuga ko iyo myaka ibiri yaranzwe ahanini n’iburabuzwa ry’abatavuga rumwe na Leta aho asaba iyo Leta irongowe na Varisito Ndayishimiye kwisubirako.

RWASA ati :«Ivyivugo nivyiza cane mugabo harya ntuze wumvirize cane amajambo uzorabe ibikorwa. Barinamuye ngo Twese hamwe birashoboka mugabo hageze ko tuja hamwe bagaca badukumira niyo mpamvu vyananiranye! Imyaka ibiri ntiheze? Ico bamaze kurangura ni ikihe?»

Tubamenyeshe ko mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa mbere n’umugambwe CNL, Uwo mugambwe ubona ko intumbero itangwa na Perezida Ndayishimiye ihushanye n’imvugo hamwe n’ingendo ya bamwe bamwe mubarongoye umugambwe CNDD-FDD asanzwe aturukamwo ku ruhande rumwe n’inyifato iranga bamwe bamwe  mu bajejwe intwaro kuva hasi gushika hejuru ku rundi ruhande.

 

Must Read