NEWS

Rwasa Agathon yoba ‘ateye ubwoba cane’ CNDD-FDD imbere y’amatora ya 2020?Soma hano urabe.

on

Inyuma y’aho hagaragariye ko habaye ukubuza umushingamateka Agathon Rwasa gukora ibikorwa vyiwe vyo kwugurura umugambwe wiwe, CNL, ku mugararago mu gisagara ca Bujumbura, biramaze kwibonekeza ko uwo ‘mugabo’ ateye ubwoba cane umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD.

Ariko kandi UBM News iravye ukuntu Leta y’Uburundi yifashe mu jisho iraha umugambwe Rwasa Agathon, hama umukuru w’igisagara ca Bujumbura agafata ingingo nkiyo aherutse gufata, biragaragara ko hoba hari ukutabona ibintu kumwe muri leta ya CNDD-FDD.

Bamwe muri CNDD-FDD bashobora kuba bashigikiye ko Rwasa Agathon akora ku mugaragaro kugira bagerageze ‘iyindi nzira’ inyuma y’aho ‘Imboneza yabo yamaho’, Petero Nkurunziza azoba yavuye ku butegetsi.

Abandi, abo Rwasa Agathon, avuga ko ari akarwi k’aba Officiers badashaka kubona ‘Imboneza yamaho yagiye’, bakabona nyabuna ko bobura bakora ibishoboka vyose kugira Rwasa ntafate igihugu kuko babona ko yobahindukirira.

Ikiboneka coco,nk’uko UBM News imaze kwihweza uko Abarundi isinzi bakiriye nabi ingingo y’umukuru w’igisagarara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, nuko abanywanyi isinzi, baba abo muri CNDD-FDD no mu yindi migambwe bamaze gufata ingingo yabo mu mitima ko bategerezwa gushigikira Rwasa Agathon mu matora ya 2020, aho ni mu gihe hatosubira kuba impari ziturutse muri CENI.

Nk’uko umwanditsi wa Yaga Burundi yabishize ahabona, hariho abantu badashaka ko Rwasa Agathon ‘aba rurarangiranwa imbere y’amatora ya 2020, maze agume hasi gushika ayo matora aheze’.

Nk’uko Yaga Burundi kandi ibishira ahabona, iyo ngendo ya bamwe mu bategetsi b’Uburundi yo kubuza ibikorwa vya Rwasa Agathon gukora ku mugaragaro, ishobora gutuma bamwe mu bategetsi bahunze igihugu bagira ubwoba bwo gutahuka mu gihugu cabo c’amavukiro.

Mwokwibuka kandi ko Inama y’umutekano ya ONU iheruka gushima intambwe Leta y’Uburundi yateye mu kwemera umugambwe wa Agathon Rwasa, ivyavuzwe na Michel Kafando ko ‘ari intambwe yerekana ko Uburundi butagipfunyiranya abaharanira agateka kabo mu vya politike’.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply