NEWS

Rwasa Agathon yemerewe umugambwe wiwe yasavye.

on

Mu gihe Umushingamateka Agathon Rwasa yari yasavye ko yohabwa umugambwe uzotuma ashobora guhiganirwa amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2020, ubu hoho ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bw’Uburundi bwahavuye bwemera ko uwo mugambwe awuhabwa ku mugaragaro.

Uwo mugambwe mushasha wa Agathon Rwasa ukaba wiswe “CONGRES NATIONAL POUR LA LIBERTE“.Aho Rwasa akaba yari yasavye ko wokwitwa FNL Amizero y’Abarundi.

Ariko bikagaraagara ko Rwasa Agathon yahavuye yemera ivyo Leta yamusavye ko yohindura amazina y’umugambwe wiwe ntahave asa n’umugambwe FNL wa Jaques Bigirimana.

Ubu Rwasa Agathon amaze kumenyesha ko azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2020 bamwe bamwe barabona ko atanguye kworoherwa cane kugira azoshobore gushikira ivyo yamye aharanira kuva kera.

Ariko rero, ni kwibuka ko azoba ahiganwa n’abandi ba candida bo mu yindi migambwe.

Hariko haravugwa vugwa gukora inani za Politike nko mu mugambwe UPRONA hamwe niyindi kugira bazoshobore guhiganwa n’umukandida wa CNDD-FDD azotangwa vuba aho habera Inama kaminuza yuwo mugambwe kugira ishire ahabona uwuzosubira mu kibanza ca Pierre Nkurunziza.

Recommended for you