NEWS

RWASA Agathon yasubiriye kwitura ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu

By

on

Inyuma y’aho ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bumenyeshereje ko umugambwe Agathon RWASA yari yasavye ko wokwemererwa gukorera mu Burundi usangiye ibimenyetso hamwe n’idarapo n’uwundi mugambwe usanzwe ukorera mu Burundi, uwo asanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka yituye kuri uwu wa mbere ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, yitwaje urwandiko rwemeza ko umugambwe akeneye gutanguza ataho usa usaniye n’uwundi usanzwe uhari.

Nk’uko Agathon RWASA yabibwiye abamenyeshamakuru, urwandiko yashikirije Pascal BARANDAGIYE umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ruratanga umuco kuri ayo makenga, ariko RWASA Agathon akaba atashimye kuvuga mw’ido n’ido ibiri muri urwo rwandiko. Yamenyesheje ahubwo ko yizeye ko amategeko agiye gukurikizwa kugira umugambwe akeneye gutanguza mu Burundi wemererwe gukora ku mugaragaro.

RWASA Agathon aheruka gusaba ko yotanguza umugambwe witwa FNL AMIZERO Y’ABARUNDI, ariko Jacques BIGIRIMANA asanzwe ariwe mukuru wa FNL yemewe n’amategeko akavuga ko mu gihe uwo mugambwe wokwemerwa, izina, ibimenyetso hamwe n’idarapo vy’umugambwe arongoye bizoba vyibwe.

Recommended for you