NEWS

Rwasa Agathon: ‘Umugambwe tugomba gushinga ntiwitiranwa nagato n’uwari uhasanzwe witwa ‘FNL’.

on

Umushingamateka akongore akaba icegera ca mbere c’umukuru w w’inama nshingamateka,atavuga rumwe na leta y’i Bujumbura, Agathon Rwasa, yatangaje uyu musi wa gatatu itariki 12 Nyakanga 2018, mu nama yakoresheje abanywanyi biwe mu gisagara ca bujumbura ko ‘agiye gushiraho uwundi mugambwe yongera ahamagarira abo bose bipfuza kuwujamwoo ko bo kwinjira’.

Agathon Rwasa yamenyesheje ati: “Umugambwe tugomba gushinga ntiwitiranwa nagato n’uwari uhasanzwe witwa ‘FNL’. Twebwe ni ‘Front National de Liberté’ mugihe abandi ari ‘Force Nationale de Libération’. Ntibisa kiretse aboshaka kubikoresha ku zindi mvo“.

ku bijanye n’uko Rwasa Agathon atohava abandanaya ari mu nama nshingamateka, yishuye gutya: “Twibaza ko tuzobandanya turi mu Nama nshingamateka mu gihe umugambwe wacu wokwemerwa n’amategeko kuko turiyo nk’abigenga kandi itegeko rigenga amatora ridashobora kudukorerako kubera ko ivyacu ari ivyihariye”(situation Speciale).

Abanywanyi barenga amajana atanu ba Rwasa Agathon bakaba bari bitavye iyo nama yabereye mu kigo OPDE mu gisagara ca Bujumbura. None ubwo umugambwe wiwe uzohava wemerwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu?Ni kubitega amaso…

Recommended for you