NEWS

Rwasa Agathon avuga ko hari umugambi wo kumuhagarika no gufuta umugambwe wiwe

on

Rwasa Agathon avuga ko hari umugambi wo kumuhagarika no gufuta umugambwe wiwe, CNL(Conseil National de Liberation).

Ivyo abivuga mu majwi yiwe bwite aho avuga ko hari umugambi uriko utegurwa na bamwe bamwe muri leta bishaka rirenze urugero bo mu ntara ya Bujumbura rural.

Nk’uko Rwasa Agathon abivuga, abategetsi bamwe bamwe bo muri leta ngo bariko bitegura gutanga imyambaro ya CNL hama bayihe imbonerakure maze nazo zice zitera akajagari hama vyegekwe kuri CNL ya Rwasa Agathon.

Agathon Rwasa akamenyesha mbere ko hamaze gukorwa no guhingurwa imyambaro yo mu bwoko bwa tricot z’umugambwe CNL ishika ku 3000 yo guha imbonerakure hamwe nabandi bo muri uyo mugambwe ku bw’uwo mugambi mubi.

Rwasa Agathon akamenyesha ko bimaze kuba gutyo, umushikirizamanza mukuru wa Republika y’Uburundi azoca aseruka kumugararago arikumwe n’abamenyeshamakuru ba Radio Nkuru y’igihugu, RTNB, hama maze Rwasa Agathon ace afatwa yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu.

Rwasa Agathon ariyamiriza uyo mugambi mubi wo gushaka kumuhagarika hamwe no gufuta umugambwe wiwe.

Umugambwe wa Agathon Rwasa urataye ubwoba abatari bake muri CNDD-FDD ku buryo barondera uburyo bwose ko uwo mugambwe bita ko ‘uteye akaga’ ukurwa ku rutonde rw’imigambwe mu Burundi.

Umviriza ngaha ijwi rya Agathon Rwasa aho ashira ahabona uwo mugambi mubi wo kumuhagarika no gufuta umugambwe wiwe, CNL:

Recommended for you