Monday, May 29, 2023
HomeNewsRwasa Agathon avuga ko bidatangaje Reta yiyamirije ivyo yagirizwa

Rwasa Agathon avuga ko bidatangaje Reta yiyamirije ivyo yagirizwa

Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL atemewe n’ubutegetsi avuga ko bidatangaje kwumva Reta yiyamirije ivyashikirijwe ko Imbonerakure za CNDD FDD zahawe ibirwanisho. Kubwa Rwasa Agathon, ntiribaye irya mbere ubutegetsi bwihakana ivyo bwagirizwa, kandi buterekanye ivyemeza.

Kuva aho urwandiko rwo mw’ibanga rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rugiriye ahabona, rukagiriza ubutegetsi bw’i Bujumbura ko buriko butanga ibirwanisho ku rwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, abarongoye Reta y’Uburundi babandanya kubeshuza ayo makuru, bakavuga ko ari ibinyoma bishingiye ku bihuha. Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL utemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko iyo urwandiko canke icegeranyo bigiye ahabona, igikenewe atari ukwihutira kuciyamiriza, ahubwo ko haba hakenewe amatohoza.

Mu kiganiro Kabizi kuri RPA kuri uwu wa gatatu, Rwasa Agathon yamenyesheje ko bitotangaza Reta ivuze ko yiyamirije ivyo yagirizwa. Ariko rero, Rwasa Agathon agatangazwa ko abo babeshuza bariko bakoresha ijambo ihonyabwoko, kandi mu rwandiko rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU batanze amakuru y’itangwa z’ibirwanisho gusa.

Nk’uko Rwasa Agathon yandanije abisigura, ntivyari bikwiye ko Reta y’Uburundi yomera nk’iyikarira uwatanze urwo rwandiko ariwe Parfait Onanga Anyanga, kandi yabikoze kw’izina ry’urwego arongoye (ishirahamwe mpuzamakungu ONU). Ababeshuza bari gukora amatohoza bakerekana ishingiro ry’uguhakana ivyo bagirizwa.

Rwasa Agathon amenyesha ko n’abashikiranganji batatu aribo Général-Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano hamwe na Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’ubutungane batunganije ikiganiro c’ukubeshuza batakoze akazi kabo, kuko bari kwikora ku buhinga bafise, bakagira amatohoza akwiye, umuvugizi wa Reta akaba ariwe abibeshuza afatiye ku vyegeranyo yahawe n’abo bashikiranganji bishikiye ku rubuga mu matohoza.

Sources Igihe Burundi

Must Read