NEWS

Rwasa Agathon Aragabisha Kw’Ihagarikwa Ry’Abanywanyi Biwe.

on

Umushingamateka Rwasa Agathon, mw’isekeza arimwo ryo guhamagarira Abanywanyi biwe gutora Oya mw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ryimirije kuba itariki 17 Rusama 2018, uyo mushingamateka aragabisha ku bantu bohirahira bagafata amafoto y’abanywanyi biwe hama bagafungwa.

Kuva isekeza ritangura ku wa 1 Rusama 2018, Rwasa Agathon ariko akwiragira mu ntara zitari zike. Ahibonekeje abantu benshi isinzi ni mu ntara ya Cibitoki aho yakiriwe n’isinzi ry’abantu bamukurikira baririmba ngo ‘TORA OYA’ mw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro.

Rwasa yamenyesheje ati: ” Ikintu aricakarusho nturinda guhatira abantu kujayo… Imbonerakure zirakeneye Kubohoka… umwigisha akarara gukizura hageze kwigisha agatangura guhunyiza…dutore OYA kugira umuntu wese akore ico ajejwe“.

Abapolisi bajejwe umutekano bafise ‘udu camera dutoto’ two gufata amasanamu y’uko isekeza ririko rigenda mu runani Amizero y’Abarundi(@Iwacu)

Rwasa akaba kandi yamenyesheje ko mu gihe hofatwa amafoto y’abanywanyi biwe kugira baze bahagrikwe, bizoshikanwa imbere maze ukuri kuje ahabona. Ivyo agato Rwasa akaba yabimenyesheje ku wa 4 Rusama 2018 aho yari mu Kayanza kwubwiryo sekeza ryo gutora OYA, aho yasavye abajejwe umutekasno gukora mu muco, kubera bari bafise amakamera yo gufata uko ibintu biriko bigenda.

Recommended for you