Mw’itangazo caraye gisohoye kuri uyu wa gatandatu, Igisirikare c’urwanda (RDF) kimenyesha ko kuwa 23 Rusama 2022, Igisirikare ca Congo (FARDC) kirikumwe n’umuhari urwanya urwanda FDLR vyateye ku butaka bw’urwanda hakoreshejwe ibisasu vya rokete maze abasirikare babiri b’urwanda baranyuruzwa na FDLR igihe bariko barakizura ku mupaka w’urwanda na Congo.
Kuri uyu wa gatandatu nyene, Igisirikare ca Congo (FARDC) carerekanye abantu babiri kivuga ko ari abasirikare b’urwanda bafatiwe mu ntambara yariko ihuza umuhari M23 hamwe n’ico gisirikare nyene ca Congo. Ariko urwanda ntaco ruragira ico ruvuze kw’ivyo vyagiriji vya FARDC.
Tubamenyeshe ko imigenderanire hagati y’urwanda na Congo iriko itera iba mibi inyuma yaho umuhari M23 utangurije intambara mu buseruko bwa Congo; Impande zose z’ivyo bihugu zikagirizanya ko ziriko zishigikira imihari irwanya ivyo bihugu. Congo ikagiriza igihugu c’urwanda kuba kiriko gishigikira M23 ko ndetse n’ivyagiriji bikwiye ibifise. Leta y’urwanda nayo iti Congo iriko ikorana n’umuhari FDLR,wagirizwa gukora ihonyabwoko mu Rwanda mu mwaka wa 1994, Izo mpande zose zirahakana ivyo zagirizanya.
Kubera ukutumvikana kuriko kurangwa hagati y’ivyo bihugu , Leta ya Congo yafashe ingingo kuri uyu wa gatanu guhagarika vyihuta ingendo zose zahora zikorwa mw’ico gihugu na kompanyi y’indege y’urwanda Rwanda Air kubera ko urwanda ruriko rushigikira umuhari M23.