NEWS

Rwanda – Mahama : Impunzi z’Abarundi zahimbaje umunsi wazigenewe

By

on

Impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu c’Urwanda mw’ikambi y’i Mahama zahimbaje kuri uwu wa gatatu umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi. Ivyo birori vyabereye mw’ikambi y’i Mahama vyatunganijwe n’ikigo « Maison Shalom » kirongowe na Maragarita BARANKITSE.

Mu kigo « Maison Shalom » bamenyesha ko bahimbaje uwo munsi mukuru mpuzamakungu mu ntumbero y’ugufasha Abarundi bari muri iyo kambi y’impunzi kugumana umwizero, bagume bizigiye ko bashobora kugira ejo heza.
Ikigo « Maison Shalom » kimenyesha kandi ko uwo munsi mukuru uhimbazwa mu ntumbero y’ugusaba ama Reta hamwe n’abantu bose bo kw’isi yose ko bogarukira impunzi mu buzima zibayemwo.

Uwo munsi mukuru uhimbajwe mu gihe muri Reta y’Uburundi, igihugu c’Urwanda, hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR badahuriza hamwe ku bitigiri vy’impunzi zikiri mu makambi y’impunzi mu Rwanda. Muri Reta y’Uburundi bavuga ko ibitigiri nyakuri bimenyekana habaye rusansuma.

Tubibutse ko Reta y’Uburundi igiye guhurira na Reta y’Urwanda mu biganiro bihagarariwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ivy’impunzi kw’isi yose (HCR), ku kibazo c’Abarundi Reta ivuga ko bashaka gutahuka ariko igihugu c’Urwanda kikabankira. Muri iyo nama izobera mu gihugu impande zompi zizokwumvikanako, n’ikibazo Uburundi bwagirizwa Urwanda ko impunzi zihabwa inyigisho za gisirikare kizovugwa. Ivyo ni bimwe mu vyavuye mu mubonano umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahaye kw’igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2018, Filipo Grandi, umukuru wa HCR kw’isi yose igihe yari mu rugendo mu gihugu c’Uburundi.

Muri uwo mubonano, umukuru w’igihugu c’Uburundi yaragarutse ku kudakorana neza hagati y’Uburundi n’Urwanda ku kibazo c’impunzi.

“Hariho impunzi ziri mu Rwanda ziba zishaka gutaha, ariko abategetsi bo mu Rwanda ntibashake ko ico kintu kiba. Yamubwiye kandi n’ibibazo vy’ibiharuro bivuga ingene impunzi z’Abarundi ziri zanze zingana, ntibiha izina ryiza ishirahamwe rikomeye nka HCR.”

Kuri ico kibazo, Filipo Grandi yishuye ati :

“Nabwiye umukuru w’igihugu NKURUNZIZA ko itahuka ry’impunzi z’Abarundi bari mu Rwanda rikirimwo akabazo, turabizi. Narabonanye n’umukuru w’igihugu KAGAME, ubu naho umukuru w’igihugu NKURUNZIZA. Twumvikanye ko twokwigira hamwe ingene tworondera aho twoganirira kuri ico kibazo c’impunzi gusa. Si jewe njejwe ibindi bibazo. HCR izofasha mw’itunganwa ry’iyo nama yohuza Uburundi n’Urwanda.”

Recommended for you