NEWS

Ruyigi : Umusirikare umwe yishwe

By

on

Umusirikare umwe w’Uburundi yapfuye ahitanwe n’amasasu yarashwe n’abasuma bitwaje inkoho ku musozi Nkurubuye uri mu ntara ya Ruyigi, ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Tanzaniya.

Amakuru atangwa na Aloys NGENZIRABONA, umwe mu bajejwe intwaro muri komine yumvikanyemwo ayo masasu avuga ari umurwi w’abasuma batatu bitwaje inkoho bari bavuye kuri uwu w’Imana kwiba mu gihugu ca Tanzaniya, baca barwa mu basirikare b’Uburundi, bararasana.

Umusirikare umwe yaciye yitaba Imana aho nyene, ahitanwe n’amasasu yarashwe n’abo basuma.