NEWS

Ruyigi : Umumenyeshamakuru Aterwa Ubwoba No Gufungwa Kubera Amakuru Atanga.

on

Umumenyeshamakuru wa Radiyo Isanganiro yaratewe ubwoba cane n’abajejwe intwaro n’umutekano bo mu ntara ya Ruyigi kugira ntasubire gutanga amakuru yerekeye iyo Ntara ya Ruyigi( mu buseruko bw’Uburundi), kuko ashobora gufungwa, nk’uko Radio isanganiro yabimenyesheje.

Uyo mumenyeshamakuru Jean Claude Nshimirimana yatewe ubwoba « ko yahungabanije umutekano w’abanyagihugu » kandi ko ashobora gufungwa ikiringo kingana n’umwaka, afunzwe na buramatari w’intara ya Ruyigi, Abadallah Hassan mu nama yakoranye n’uwutwara iperereza aho mu ruyigi, nkuko Isanganiro ibandanya ibimenyesha.

Ukwo guterwa ubwoba kuje inyuma yaho hamenyekaniye inkuru yuko abigisha bo muri iyo ntara ya Ruyigi bidoga kubera ko batozwa incuro zibiri intererano y’amatora ya 2020. Kuva uyu mwaka wa 2018, abakozi ba Leta bose baza barakatwa intererano yabo ya buri kwezi ku bwamatora ya 2020.

Ku bwa Nshimirimana, abayobozi b’amashure yo mu ntara ya Ruyigi batagetse agisha bose bo muri iyo ntara gutanga intererano yiyongereye, iva ku madolari 1,25$( nka 3000 FBU) gushika ku 7,25( nka 20 000 FBU). Umwigisha umwe yamenyesheje AFP ati : « Ni ubusuma bwimonogoje bwo muri Leta, ni ibara kuko intwaro isaba kandi hambavu yo guterera amatora, isaba kandi guterera iyubakwa ry’ikibuga, ry’ingoro y’umugambwe uri ku butegetsi hamwe n’ivuriro…Ubu naho ni amatora ».

Kandi igihe hagize uwihenda ngo ntatange ayo mahera aribonerako nk’uko Imbonerakure zibimenyesha : « Muzoba mugowe nimwareka gutanga izo ntererano ziboneka ko ari ugutanga ku gushaka, kuko mushobora kujanwa mu gasho canke mukihurira n’imbonerakure ».

Ivyo vyo gutanga intererano ku bw’amatora ya 2020 birashika naho bikorwa imbere ya cameras hagafatwa amasanamu y’abariko batanga ayo mafaranga mu mabanki, kumbure kugira ngo ‘abandi babonereho kwigana akarorero’.

Recommended for you