Tuesday, February 7, 2023
HomeNewsRuyigi :Abaturuka mu Rwanda bariko bahagarikwa kubera badafise ivya ngombwa vyo kuhaba.

Ruyigi :Abaturuka mu Rwanda bariko bahagarikwa kubera badafise ivya ngombwa vyo kuhaba.

Abanyagihugu baturuka mu gihugu c’urwanda bisanze bakikujwe n’abapolisi benshi mu ma karitiye ya Sanzu na Gasanda , mu gisagara ca Ruyigi hari kuwa 26 Munyonyo 2022. Abantu cumi bakaba barahagaritswe bajanwa gupfungirwa muri komisariya y’igipolisi c’intara. Bane muri bo n’ubu bakaba batararekurwa. Musitanteri wa komine Ruyigi asigura ko abo bahagaritswe ari abanyamahanga batagira ivya ngombwa vyo kuba mu Burundi.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi, Abitwa :Ignace Rwamukwaya, Calixte Rusangana ,Faustin Nkurunziza na Albert Munyentwari baracapfunzwe n’igipolisi co mu Ruyigi. Sos Medias Burundi ikavuga abo bantu kwari bane bose bavukiye bongera banakurira mu ntara ya Ruyigi. Ikindi, bose bamuka ku bavyeyi baturuka mu gihugu c’urwanda bavuye mw’ico gihugu mu mwaka wa 1959 mu gihe c’intambara hagati y’abanyarwanda hari ku ntwaro y’umukuru w’igihugu Kayibanda.

Abajijwe na Sos Medias Burundi ku bijanye n’ifatwa ry’abo bantu bakomoka mu Rwanda, Musitanteri wa Komine Ruyigi, Antoinette Semugara asigura ati :”Abo bantu ni abanyamahanga batagira impapuro zibemerera kuba mu Burundi”
“Ico gikorwa co guhagarika abanyamahanga batagira ibibaranga carabaye mu bice vyinshi vy’igihugu c’uburundi”Niko Semugara abandanya asigura.

Must Read