NEWS

Ruyigi : Abaporisi babiri bahitanwe n’isanganya

By

on

Abaporisi babiri bitavye Imana mw’isanganya rikomeye ry’imodoka ryabaye ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu kw’ibarabara rikuru RN13, hafi y’umusozi Rutimbura, komine Ruyigi, intara ya Ruyigi nyene.

Nk’uko mu giporisi babimenyesha, abo baporisi bariko biyunguruza bahekanye kw’ipikipiki bagonzwe n’imodoka y’ishirahamwe MEMENTO yo mu bwoko bwa Scania yariko yunguruzwa n’umudereva azwi kw’izina rya NDIKUMANA Siméon.

Abo baporisi babiri baciye bitaba Imana aho nyene, abo nabo akaba ari NITUNGA Alexis w’imyaka 27 avuka mu ntara ya Cankuzo, hamwe na BISABWAMAGARA Philbert w’imyaka 25 avuka mu ntara ya Kirundo. Bompi baheruka kurungikwa gukorera mu ntara ya Ruyigi, nk’uko umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Petero NKURIKIYE abishikiriza.

Ibiziga vy’abo bitavye Imana vyaciye bijanwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Ruyigi, uwo mudereva nawe akaba apfunzwe ic’amaso. Amatohoza yatanguye gukorwa, ku caha yagirizwa ko yoba yagonze abo baporisi kubera yari mu muvuduko munini (Exces de vitesse.)

Recommended for you