NEWS

Ruyigi : Abantu babiri bakomerekejwe na Gerenade

on

Abantu babiri nibo bamaze kumyekana ko bakomeretse mu gitero ca Gerenade cakozwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana ku rugo rwa Daniel Mubaji.

Iyo Gerenade yakomerekeje nyene urwo rugo rwatewe ariwe Daniel MUBAJI hamwe n’umugore wiwe. Ico gitero cakozwe n’abantu bataramenyekana ku musozi Nyabigabiro, komine Gisuru, intara ya Ruyigi.

Abakomeretse bariko bavurirwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Ruyigi, abajejwe intwaro bakaba bamenyesha ko ico gitero coba gifitaniye isano n’amatati y’amatongo, ariko ko abateye iyo Gerenade bataramenyekana.

Umuntu umwe akaba ariwe amaze gufatwa ku mvo z’amatohoza, uwo nawe ni uwitwa Salvator Nikozubakwa, akaba apfungiwe mu gasho ka komine Gisuru.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply