Tue. Jan 28th, 2020

Rutana : Umuntu yishwe

NTAMIKEVYO Laurent yahora aba ku musozi Buyaga, komine Giharo, intara ya Rutana yishwe agandaguwe n’abantu bataramenyekana ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 6 Nzero 2019.

Ikiziga c’uwo mugabo catowe nko ku kirometero uvuye ku rugo rwiwe, mu giporisi c’Uburundi bakamenyesha ko bataramenya icatumye uwo muntu yicwa.

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko amatohoza yatanguye, hamwe n’ukurondera abakoze ubwo bwicanyi.