NEWS

Rutana : Abantu batatu bahawe igihano c’ugupfungwa imyaka 15

By

on

Sentare Nkuru y’Igihugu y’intara ya Rutana, mu rubanza rw’ikibiriraho, ihejeje guhanisha abantu batatu aribo Ndihokubwayo Dieudonné, Nduwarugira Édith hamwe na Ndabarushimana Jean Claude umunyororo w’impaga w’imyaka cumi n’itanu n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi amajana atanu umwe umwe wese (15ans de spp et 500000Frs d’amende chacun).

Abo bantu bahawe ico gihano inyuma y’ukwagirwa n’icaha c’ugukwiragiza amafaranga ya magendo.

Mu gihe batotanga ayo mafaranga y’ihadabu, Sentare Nkuru y’Igihugu y’intara ya Rutana yafashe ingingo ko abo bantu batatu bazoca bapfungwa amezi atandatu umwe wese yiyongera ku gihano bahawe, ayo mafaranga ace ahebwa.

Recommended for you