NEWS

Rutana : Abantu batanu bo mu muryango umwe bafashwe n’igiporisi

By

on

Abantu batanu bo mu muryango umwe wo ku musozi Ruranga, komine Bukemba, mu ntara ya Rutana bapfungiwe mu gasho k’igiporisi bagirizwa ko bashatse kugandagura umuntu yari yahungutse. Mu giporisi bavuga ko uwo yagira yicwe azizwa amatati y’amatongo.

Uwo yagira agandagurwe, Sylvestre MUDA w’imyaka 58 asanzwe asangiye itongo n’abo bavukanyi biwe, akaba yakubiswe ku mutwe no ku maboko, mbere ukwo kuboko kwarahatswe gucika.

Uwo yakubiswe umupanga ariko avurirwa ku bitaro bikuru vya Kibuye.

Recommended for you