NEWS

Rumonge : Umuntu umwe yahitanwe n’inkoni yakubiswe

By

on

Umubabaro ni mwinshi mu muryango w’umunyagihugu yaraye yitavye Imana ku muhingamo wo kuri uwu wa kane, mu ntara ya Rumonge, inyuma y’aho akubitiwe n’abantu bamwagirije ko yoba ari umusuma.

Nk’uko mu giporisi babimenyesha uwo mugabo yahora akora akazi k’ukwunguruza abantu akoresheje ikinga yafashwe n’abanyagihugu bamwagirije ko ari umusuma, baca bamurengerako baramukubita bamusiga ari intere.

Uwo mugabo yatowe n’abantu bariko bararengana, bamutwara ku bitaro bikuru vy’intara ya Rumonge, ari naho yapfiriye.

Uwo yagandaguwe yahora aba muri karitiye ya Mugomere, mu gisagara ca Rumonge, akaba yavuka muri komine Buyengero, intara ya Bururi.

Mu giporisi bemeza ko amatohoza abandanya kugira bamenye abakubise uwo muntu, bongere babashengeze mu butungane.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge bahamagarira abanyagihugu kuvavanura n’ingeso y’ukwihanira, ahubwo bijukire kwitura abajejwe intwaro, ubutungane n’igiporisi mu gihe biketse umuntu canke bafise ico bamwagiriza.

Recommended for you