Tuesday, February 7, 2023
HomeNewsRumonge: Consolateur Nitunga yasanze mw’ibohero rya Murembwe abasitanteri batatu kubera kunyuruza amatungo...

Rumonge: Consolateur Nitunga yasanze mw’ibohero rya Murembwe abasitanteri batatu kubera kunyuruza amatungo ya komine.

Abarongoye amakomine atatu y’intara ya Rumonge babarizwa mw’ibohero rikuru rya Rumonge kubera kunyuruza amabati yari yagenewe kwubaka amashure yari yatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu mu ntango z’ukwezi kwa Nyakanga 2022. Uwahoze arongoye iyo ntara nyene, Consolateur Nitunga yaraye abahambije mw’iryo bohero rya Murembwe.

Abo basitanteri batatu ni abahora barongoye amakomine ya Buyengero , Bugarama n Rumonge. Ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu niho Jeremie Bizimana yatwara ikomine ya Rumonge yashikanwa mw’ibohero rikuru rya Rumonge bita ku Murembwe. Kuva mu gatondo ko kuri uyu wa kane, Musitanteri Bizimana Jeremie yaracunzwe n’intumwa zaje ziva mu biro vy’umukuru w’igihugu Akaba yahavuye asakwa maze hatorwa amabati ane yari ku nzu imwe yari ku mayengero y’ibigazi vyiwe. Kuri Uyu wa gatanu nyene, Musitanteri wa komine Bugarama nawenyene yaratwawe mw’iryo bohero yagirizwa kw’ico caha c’abagenzi we.

Mu masaha yo mw’ijoro yo kuri uyu wa gatanu, niho Consolateur Nitunga , yahoze arongoye intara ya Rumonge ubu yaheruka kugenwa mu mabanga yo kuja kuba umuhanuzi wa kabiri w’uwuserukira uburundi i Kinshasa, yahavuye nawene yinjizwa ibohero rya Murembwe aho yagirizwa kuba yagizemwo uruhara rukomeye mw’ubwo busuma budasanzwe bw’amabati igihe yari buramatari wa Rumonge.

Abanyagihugu bo mu ntara ya Rumonge basaba ko haba uguhana bidasanzwe abo bose bagizemwo uruhara mw’ubwo busuma bw’ibikoresho vyari vyagenewe kwubaka amashure.

Must Read