NEWS

Rumonge : Abantu bane bafashwe mu matohoza y’urupfu rwa Patiri Pierre Claver WENDO

By

on

Abantu bane barimwo umukenyezi umwe nibo bafashwe n’igiporisi c’Uburundi mu matohoza ku bijanye n’urupfu rw’umupatiri ava muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ariko yarangurira ubutumwa muri paroisse nkuru y’intara ya Rumonge, yitavye Imana giturumbuka ku munsi w’Imana w’indwi uheze.

Patiri Pierre Claver Wendo yasezeye isi mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana ushira umunsi wa mbere, mu bitaro bikuru vy’intara ya Rumonge.

Uwo Musaserdoti yinjiye ibitaro kuri uwo munsi nyene w’Imana, inyuma y’aho ahejeje gusoma imisa y’isaha zitandatu, aca aja kuramukanya mu muryango mbere wamuzimanye. Inyuma y’ukwo kuzimanwa, niho yumva amagara amukitse, ajanwa mu bitaro bikuru vya Rumonge, aho yasandabiye inyuma y’amasaha make.

Abantu bane nibo bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza, muri abo bane hakaba harimwo umukenyezi yazimanye uwo mupatiri mu bunywero buri aho nyene mu Rumonge. Abo bandi bafashwe akaba ari abakozi (Serveurs) bo muri ubwo bunywero Patiri Pierre Claver WENDO yanywereyemwo ikinyobwa ca nyuma.

Recommended for you