NEWS

Rumonge : Abagirizwa guhanagura inzandiko za CNDD FDD bumvirijwe mu butungane

on

Abagabo batanu basanzwe bapfungiwe mu gasho k’igiporisi mu Rumonge bagirizwa ko aribo bahanaguye inzandiko zo ku cibutso c’umugambwe CNDD FDD barengutse irigira gatatu muri Sentare nkuru y’intara ya Rumonge.

Abari mw’ibohero ni Emmanuel Niyonganji, Mélance Irambona, Rénovat Ninteretse, Pascal Ahishakiye hamwe na Jean Bosco Niyomwungere.

Ico cibutso c’umugambwe CNDD-FDD cahanaguwe ivyibutso kiri ku musozi Busaga, komine Burambi, intara ya Rumonge.

Inyuma y’ukwezi bapfungiwe mu gasho ka komine, baciye muri Sentare kugira batwarwe mw’ibohero rikuru rya Rumonge, nk’uko imiryango yabo ibivuga.

Abo bagabo bahagaritswe kw’igenekerezo rya 10 Nzero 2019 muri komine Burambi, bakavuga ko bahorwa ivyiyumviro vyabo vya poritike.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.