NEWS

Rugombo : Ingoro y’umugambwe UPRONA yabomowe

By

on

Ingoro nshasha y’umugambwe UPRONA iri ku mutumba Kagazi, komine ya Rugombo, intara ya Cibitoke yabomowe n’abantu bataramenyekana. Celestin HAVYARIMANA, Umunyanyamabanga w’uwo mugambwe muri iyo komine ariyamiriza ivyo vyakozwe, agasaba ko amatohoza yokorwa kugira abakoze ico caha babihanirwe. Ku bwiwe, iryo ni iterabwoba ririko rikorerwa abanywanyi ba UPRONA kugira ntibabandanye kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2020.

Iyo ngoro y’umugambwe UPRONA, nk’uko vyemezwa na Celestin HAVYARIMANA, yarabomowe, imiryango yayo, hamwe n’amadirisha iribwa. Inzandiko z’umugambwe UPRONA kuri iyo ngoro zarahanaguwe.

Uwo munyamabanga wa UPRONA muri komine Rugombo avuga ko naho ivyabaye bibabaje, ahamagarira abanywanyi b’uwo mugambwe kwihangana, barindire ibizova mu matohoza ariko arakorwa.

Umuntu umwe akaba ariwe amaze gufatwa muri ayo matohoza.

Recommended for you