Thursday, June 8, 2023
HomeNewsRSF ihanura Perezida Ndayishimiye kurwanya Covid-19 hakurwanya abamenyeshakuru batangaza ivy-ico kiza.

RSF ihanura Perezida Ndayishimiye kurwanya Covid-19 hakurwanya abamenyeshakuru batangaza ivy-ico kiza.

Ishirahamwe riharanira uburenganzira bw-abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF mw-itangazo ryasohoye riratera ivyatsi ryivuye inyuma amajambo amaze imisi ashikirizwa n-umukuru w-igihugu c-uburundi aho aryagagura abamenyeshamakuru babiri b-abarundi : Esdras Ndikumana w-iradiyo y-abafaransa RFI ,hamwe na Antoine Kaburahe arongoye ikinyamakuru Iwacu ko bahungabanya igihugu babicishije mu gushira ahabona ibijanye n-ikiza ca Covid-19 mu gihugu c-uburundi.Le Covid-19 est un accélérateur de la répression contre les journalistes en  Afrique (RSF) - Invité Afrique

RSF ihanura umukuru w-igihugu c-uburundi ko nyabuna yo shira inguvu mu kurwanya ikiza ca Covid-19 kiri mu gihugu hakurwanya abamenyeshamakuru batangaza amakuru ajanye n-ico kiza gihanze isi mw-iki gihe.

ˮ…Ni amajambo twiyamiriza twivuye inyuma , amajambo ateye ubwoba, amajambo yerekana ingene ibijanye n-ubwigenge bwo kumenyeshamakuru buhobahoba mu Burundi. Tubabazwa n-ukungene twari twagize icizere ku mukuru w-igihugu mushasha ko hari ibintu agiye guhindura ,ariko turavye amajambo aherutse kuvuga yifatira mu gahanga abamenyeshamakuru Antoine Kaburahe hamwe na Esdras Ndikumana ku ncuro zigera kuri zibiri, vyerekana ko gukora umwuga wo kumenyeshamakuru mu Burundi ukiri mu ngorane. Abamenyeshamakuru ntibahari ngo bakunde igihugu mu ntumbero yo kuba abavugizi b-ivyo Leta ishaka , bari ngaho kugira barondere amakuru yukuri kandi bakayishikiriza. Muri kino gihe mw-isi yose , nta muntu yoba agihakana ibijanye n-iki kiza cugarije isi n-ingaruka ku bakirwara‟ Niko Arnaud Froger aserukira  MSF ku mugabane wa Afrika avuga.

RSF iributsa  kandi ko uruhara rw-abamenyeshamakuru atari ugushimisha Leta ko ahubwo bahari kugira bayifashe kugira ifate ingingo zibereye.

ˮ urundi ruhara rw-abamenyeshamakuru ni ugufasha Leta kumenya amakuru ngo ifate ingingo zibereye . Harageze ko Leta y-uburundi imenya ko naho umumenyeshamakuru atotanga amakuru aja mu nyungu za Leta, ayo makuru arafise ico afasha mu ndinganizo nziza y-igihugu mu bijanye n-iterambere‟ Niko Arnaud Froger yongerako  kuvuga.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...