INTERNATIONAL NEWS

Robert Mugabe Yiteguriye Gusaba Ubuhungiro Muri Africa Y’Epfo.

on

Inyuma y’aho habaye ibiganiro hagati y’umukuru w’igisirikare, Constantino Chiwenga, yahagarariye ikomborwa rya Robert Mugabe nyene hariho n’abahuza, Robert Mugabe yararahiye ararengwa ejo ko atava ku butegetsi gushika arangije ikiringo ciwe gitegekanijwe kurangira mu mwaka uza.Igisirikare ubu gifise ubutgetsi cavuze ko kiza gutanga amakuru ‘umuwanya n’umwanya’.

Ariko rero ibinyamakuru vy’aho muri Zimbabwe vyamenyesheje uyu musi wa gatanu ko Robert Mugabe yemeye gutanga imihoho “agatanga ubutegetsi ata kirinze gusabwa” inyuma y’imyaka 37 amaze atwara ico gihugu;vyongera bimenyesha ko uwo mutama yiteguriye gusaba ubuhungiro bwo kuja kuba mu gihugu ca Afrika y’Epfo.

Ikinyamakuru NewsDay co muri Zimbabwe camenyesheje amakuru ava mu gisirikare giti: “ Robert Mugabe yemeye gutanga ubutegetsi ata kirinze gusabwa. Ibintu bijanye no kurekura ubutegetsi biriko biraja ahabona…Azoca asaba ubuhungiro mu gihugu ca Afrika y’Efo”.

Ariko rero amakuru yo kurekura ubutegetsi kwiwe aracabandanije anyegejwe bimwe vyitondewe. Ariko kandi AFP yamenyessheje uyu musi ko Robert Mugabe yanse gutanga ubutegetsi ku buryo ariko “yicungurira umwanya kugira habe ibiganiro kuri ukwo kurekura ubutegetsi kwiwe”.

Ibiganiro vyabaye ejo ku musi wa kane hagati ya Mugabe n’umukuru w’igisirikare yamukuye ku butegetsi vyabaye hariho n’intumwa zaje ziva mu gihugu ca Afrika y’Epfo. Televiziyo ya Zimbabwe yarerekanye Robert Mugabe ari kumwe na Constantino Chiwenga( umugabisha w’ingabo) yatumye uwo mutama ahagarikwa.

Umugambwe Mugabe akomokamwo ariwo ZANU-PF ukaba utegekanya gukora inama uyu musi wa gatanu aho vyitezwe ko gushika ku wa mungu bazokwirukana mu mugambwe Robert mugabe atarekuye ubutegetsi.N’inkuru ibandanya ihindagurika ku mwanya ku mwanya…

Recommended for you