NEWS

Robert Mugabe Yahawe Ubudahangarwa Inyuma Yo Gutanga Imihoho.

on

Inyuma yo gutanga imihoho ku musi wa kabiri, uwahora ari umukuru w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe, birashoboka cane ko ashobora guhabwa ubudahangarwa kugira ntakurikiranwe n’ubutungane nk’uko yari yabisavye imbere y’uko atanga imihoho, nkuko amakuru ava mu bari mu biganiro yagiye ahabona kuri uyu musi wa kane.

Ku bw’ivyo biganiro, Mugabe yaremerewe ko umutekano wiwe wokingiwe mu gihugu ciwe, navyo bikaba vyatumye yemera gutanga imihoho.

Uwahora ari icegera ciwe, Emmerson Mnangarwa, niwe yitezwe kurahirira kuyobora igihugu ejo ku musi wa gatanu itariki 24 Munyonyo 2017. Inkuru yanditswe imenyesha ko Robert Mugabe yamenyesheje ko yipfuza gupfira mu gihugu ciwe c’amavukiro, ko adafise imigambi yo kuba mu buhungiro nkuko bamwe bari bavyibajije.

Icatumye Mugabe ava ku butegetsi kikaba ari ukutumvikana hagati y’umugore wiwe n’icegera c’umukuru w’igihugu( Emmerson Mnangarwa), bose bahiganirwa gusubirira Mugabe ku butegetsi. Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko Umukenyezi wa Robert Mugabe, Grace Mugabe, ariwe atumye ava ku butegegetsi mu bimaramare nk’uko.

Recommended for you