Monday, May 29, 2023
HomeNewsRobert Mugabe ati : Uburayi bugumane imico yabo itagira umutwe n'amaguru...

Robert Mugabe ati : Uburayi bugumane imico yabo itagira umutwe n’amaguru ntibaze bigere bayizana mu gihugu canje !

Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe yariyamirije bimwe bikabije ibihugu vya Buraya vyijukiye gushigikira abahuza ibitsina babisangiye, aho mbere avyagiriza kuba bitemera intwaro yiwe.

Robert Mugabe avuga ko Uburaya bwo muri kahise butakimeze nk’ubw’ubu kuko ubu basa nabatagira ingingo ngenderwako, Robert Mugabe akaba yabishikirije ku kibuga c’inkino co ku murwa mukuru Harare. Avuga ko bitangaje ukungene ivyari ibisanzwe bihinduka ibidasanzwe, ibidasanzwe navyo bikaba ibisanzwe, akaba yagarutse cane ku vyerekeye abahuza ibitsina babisangiye hamwe n’abaharanira agateka kabo.

Ibihugu vy’uburaya bitera ubwoba ibihugu vya Afrika bavuga ko batoye itegeko ricinyiza abahuza ibitsina babisangiye baca bahanwa nk’uko babigiriye igihugu ca Ouganda .
Agira ati ibihugu vya buraya nibigumane ivyo bintu vyabo bitagira umutwe n’amaguru ntibabizane mu bihugu vyacu ,niko Robert Mugabe abandanya abivuga . Mbere mukaba muzi ko uwo mukuru w’igihugu ca Zimbabwe agereranya abo bahuza ibitsina babisangiye n’imbwa n’ingurube.

Robert Mugabe yaragabishije kandi abaserukira ibihugu vyabo muri ico gihugu arongoye, ko mu gihe bohirahira kubavugira ko atazotinya kubarungika mu bihugu vyabo ubutarariye. Robert Mugabe kuva igihugu ca zimbabwe kironka ukwikukira mu mwaka w’1980 , kimaze gufatirwa ibihano n’igihugu c’Ububiligi , aho bamwagiriza kuba yarivye amatora hamwe n’ivyaha vyo gukubagura ari navyo vyatumye aguma ku butegetsi. Robert Mugabe kandi yaranse kuja mu nama ihuza ibihugu vya Buraya n’ Afrika mu ntango y’uku kwezi, kubera ko umupfasoni wiwe yari yimwe uburenganzira visa.

Must Read