INTERNATIONAL NEWS

Robert Mugabe agiye Kurengutswa Abazwe Kw’inyonora ry’ubutunzi bw’igihugu.

on

Uwahoze arongye igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe, yitezwe kurenguka imbere y’Inama Nshinagamterka y’ico gihugu kugira ngo yisigure kw’ikamanagana ry’imiliyaridi 15 z’amadolari y’Abanyamerika yavuye mu rudandazwa rw’ubutare bwa Diamand.Niko Inama nshingamateka ya Zimbabwe yatangaje ejo ku musi wa gatanu. Robert Mugabe akaba yitezwe kwitaba itariki 9 za Rusama 2018.

Rikaba ribaye irya mbere uyo yahoze ari umukuru w’igihugu ca Zimababwe arengukijwe kugira asigure ku bijanye n’uko kunyonora amatungo y’igihugu. Abashingamateka bakaba bashaka kumbubaza kubijanye n’amajambo yavuzwe ubu haheze imyaka ibiri, ayavuga ko Mugabe yidoze avuga ko igihugu catakaje amamiliyaridi y’amadolari kubera igiturire.

Kuva ico gihe, amashirahamwe yarabandanije ashira ahabona ukunyuruza ubutunzi bw’igihugu n’abanyamahanga bafadikanije n’abategetsi bari mu mugambwe uri kubutegetsi kuntwaro ya Robert Mugabe.

Ntibiramenyekana neza ko Robert azokwitaba ukwo kurengutswa, kuko nawe nyene ataragira ico ashikirije kuri uwo mutahe wo kumurengutsa, ariko biragarara ko azokwitaba kugira atange umuco ku kuntu abari bafadikanije nawe gutwara ico gihugu ca Zimbabwe banyonoye ubutunzi bw’igihugu.

Recommended for you