NEWS

Richard Sezibera aramaze ukwezi ataboneka mu Rwanda

By

on

Uwo mushikiranganji w’imigenderanire mu gihugu c’Urwanda akaba yaranabaye umunyamabanga mukuru w’umuryango wa EAC akaba amaze ukwezi atakiboneka ataja ahabona. Amakuru ava mu butegetsi bw’igihugu c’Urwanda avuga ko akitswe n’amagara ariko akiyamiriza ko yoba yarahahwe ishano.

Nkuko bivugwa n’ikimenyesha makuru c’abafaransa RFI, Richard Sezibera akaba yaheruka kuboneka aja mu gihugu c’abongereza kumurwa mukuru Londres itariki 11 Mukakaro. Ico gihe yaragiye mu nama y’abashikiranganji itegura ikoraniro kaminuza y’umuryango w’ibihugu bivuga icongereza izobera i Kigali muri Ruheshi 2020. Uwo mugabo w’imyaka 55 akaba yakiriwe n’umuganwa Karori arikumwe n’abandi bashikiranganji b’imigenderanire bagize uwo muryango.

Richard Sezibera yakunda kwandika cane kumbuga ngurukana bumenyi akaba aheruka kwandika itariki 14 Mukakaro 2019 ivyo bigatuma haba ibihuha vyinshi na cane cane mu binyamakuru vy’igihugu ca Ouganda muri kino gihe kidafise imigenderanire myiza n’Urwanda.

Amakuru ava mu binyamakuru vyo m’Ubuganda avuka ko uwo Richard Sezibera yoba yazize ko ashigikiye ibiganiro hagati yabagwanya Leta y’Urwanda no gusubiza hamwe n’igihugu c’Ubuganda n’Urwanda. Richard Sezibera akaba yasubiriye Louise Mushikiwabo m’ubushikiranganji bw’imigenderanire aho yaramaze imyaka ishika 10 atwara ubwo bushikiranganji.

Recommended for you