NEWS

USA : Umugabo W’UmunyaRwanda Afunzwe Yagirizwa Kwica Umugore Wiwe.

on

Mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, muri leta ya Rhode Island, mu gisagara ca Providence, hari umugabo w’umunyarwanda afunzwe yagirizwa kuba yarishe umukenyezi wiwe. Uyo mugabo yitwa Bosco Tukamuhabwa, afise imyaka 46, akaba yarengutse imbere y’ubutungane kuri uyu musi wa gatanu inyuma y’aho umugore wiwe aburiwe irengero ryiwe.

Nkuko igipolisi co muri Providence kibimenyesha, uyo Bosco yagirizwa kuba yishe umugore wiwe yahoze ari impunzi hama arimukira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba yishe umukenyezi wiwe, Manirino Nkinamubanzi, ku musi wa gatatu aho yatowe mu cumba kirimwo akazu ka surwumwe.


Uyo Bosco Tukamuhabwa( kw’ifoto) akaba yari asanzwe afata nabi uyo mukenyezi wiwe yari afise abana bane, aho igipolisi cafata uyo mugabo yahohoteye uyo mukenyezi muri Ndamukiza 2017.Uwo musi, nk’uko igipolisi caho muri Rhode Island cabimenyesheje, uyo Tukamuhabwa yarakubise umugore wiwe yabanje kumuta hasi kw’isima.

Igihe yafatwa aribwo bwa mbere, Tukamuhabwa akaba yari yarekuwe habanje gutangwa ingwati mu kurindira ko acirwa urubanza nyezina, maze ategekwa kudasubira kubana n’umugore wiwe. Uyu musi niho igipolisi caho muri Providence cahiga uyo mukenyezi kirabura irengero ryiwe inyuma y’aho abana biwe babibwiriye igipolisi.

Kubera uwo muhisi asize abana bane, abagiraneza baho I Rhode Island baciye bakoranya amafaranga ashika 16 000 $( nk’amarundi ashika hafi imiliyoni 50) ku bwo gufasha abo bana babaye impfuvyi, narirya harimwo abatari bwakwize imyaka 18.

Mukamenya ko impunzi nyinshi zija muri Amerika, harimwo n’Abarundi, bikunze kubagora kubaho n’abakenyezi babo kubera ko muri America abakenyezi bahabwa umwidegemvyo cane gusumba uwo bafise muri Afrika. Kubera abagabo benshi bamuka muri Afrika badashima kuganzwa n’abagore, bamwe bisanaga batanye mu mitwe n’abagore babo, abandi bagashika aho bakora amabi adasanzwe, abandi bagahitamwo kuvana burundi n’abagore babo.Ariko hari n’abandi bagabo babikora kubera ubukozi bw’ikibi bwabo nk’uyo Bosco Tukamuhabwa.

Recommended for you