NEWS

Réverien Ndukuriyo Yasubiye Gutorwa Kuba Umukuru w’Umupira w’Amaguru mu Burundi

on

Kwiyamamaza vyatanguye kuruyu wa gatandatu itariki 7 gitugutu 2017 mu ntara ya Gitega. Réverien Ndikuriyo asanzwe ari umukuru w’Inama Nkenguzamateka, yaritoza kugira asubire kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Akaba yahiganwa na Alexandre Muyenge, umupolisi mukuru.

Murayo matora hakaba hatumiwe abamenyeshamakuru bakora ibiganiro vy’inkino, abakuru b’imirwi y’umupira w’amaguru hamwe n’abaserukira amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu ntara. Réverien Ndikuriyo akaba yaramaze imyaka ine atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi “FFB” inyuma yaho asubiriye umupfasoni Lydia Nsekera. Réverien Ndikuriyo akaba azwi ko yateje imbere umupira w’amaguru nu ntara ya Makamba asanzwe avukamwo. Umupira w’amaguru ukaba warateye imbere kandi mu ntara zigize igihugu muriyi myaka ine iheze.

Alexandre Muyenge nawe bahiganwa na Réverien Ndikuriyo akaba yinonora imitsi mu murwi Aleluya FC, akaba anatwara umurwi ujejwe umutekano muri FFB.

Amatora akaba yaciye aba ku musi w’Imana bukeye mu ntara ya Gitega. Réverien Ndikuriyo yaciye atahukana istinzi y’amajwi 48 kuri 50 yabatoye. Aimable Habimana batazira Marandura yaciye atorwa kuba icegera cambere, Denis Karera nawe atorwa kuba umukuru w’umurwi ujejwe ubutunzi, Yusuf Mossi atorwa kuba umukuru w’umurwi ujejwe amahiganwa, Sylvestre Ndayizeye, umukuru w’umurwi ujejwe urwaruka, Ramadhan Kibuga, umukuru w’umurwi uraba ivy’imigenderanire. Mustapha Samugabo acatorwa kuba icegera cakabiri c’umukuru w’umupira w’amaguru mu Burundi.

Mwomenya ko umukuru w’umupira w’amaguru atarenza ibiringo bibiri atwara iryo shirahamwe.

Recommended for you