NEWS

Reverien Ndikuriyo yoba yiyumvirwa gusubirira Petero Nkurunziza…

on

Mugihe hakiri ivyiyumviro vyinshi ku mukandida azoserukira CNDD-FDD mu matora ya 2020, nubu bamwe baracibaza uwuzosubirira Petero Nkurunziza mu kibanza arimwo.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona neza bakongera bakitegereza ivyo Reverien Ndikuriyo ariko arakora vyoba vyerekana ko yoba agiye kwicara mu ntebe ya Nkurunziza.

Reverien Ndikuriyo kuva mu mwaka wa 2016 aguma akora ingendo hirya no hino mu gihugu c’Uburundi kugira ngo yimenyekanishe ko ari ‘umugabo abushitse’ ashobora guserukira umugambwe w’inkona mu matora ya 2020.

Mu bihangange vyo muri CNDD-FDD bihiganigwa intebe ya Nkurunziza, Reverien Ndikuriyo arimwo hamwe na bagenziwe nka Bunyoni(Mutama 2), Denise Nkurunziza, Evariste Ndaysihimiye(Never), n’abandi.

Ndikuriyo Reverien arazwi ko yafashe iyambere mu kurwanya abakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza itorwa rya Petero Nkurunziza mu mwaka wa 2015.

Ndikuriyo kandi arazwi ku majambo yavuze mu mwaka wa 2015 aho yahimiriza inzego z’umutekano guhasha abariko bashaka kurwanya ubutegetsi bwa CNDD-FDD.

Reverien Ndikuriyo aribukirwa kandi kuri rya jambo “KORA” yabwira inzego z’umutekano ko zogira umutima rugabo n’ishala vyo guhasha abatavuga rumwe na leta ya CNDD-FDD, ubu mbere bamwe bamwe bakaba bamutazira ngo “KORA”.

Reverien Ndikuriyo, uwarwanye ku rugamba mw’ishamba, kandi arazwi cane ko yegereye mugwi w”abagabo’ begereye Petero Nkurunziza(Mutama 1).

Ariko mukamenya ko Petero Claver Mbonimpa wa APRODH aheruka kumenyesha ko bigaragara cane ko Petero Nkurunziza ashobora gusubira kwitoza kandi mu matora ya 2020 naho yavuze ko atazosubira kwitoza.

Recommended for you