NEWS

Reverien Ndikuriyo vyashushe kuri we: Raba hano ivyo yiyemera

on

Révérien NDIKURIYO arongoye Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yagiye ahabona muri video iriko inyuragira ku mihora ngurukana bumenyi aho yemanga ko yicishije umuntu.

Ayo Majwi ya Reverien Ndikutriyo amenyesha ko yatanze amafaranaga angana n’imiliyoni zitanu z’amarundi(5 000 000 FBU) kugira hagire abica uwitwa Kaburimbi wo mu ntara ya Bururi.

Ayo majwi yafashwe mwibanga yerekana kandi akumvikanisha Reverien Ndikuriyo yemanga ko yicishije uwo avuga ko ‘yari abangamiye umutekano w’abanyagihugu’ mu ntara ya Bururi.

Muri ayo majwi yagiye ahabona, mbere Reverien Ndikuriyo avugako yemanga ko abo atumye kwica abo bantu abaha amahera menshi nabo bakamuzanira imitwe y’abo bishe.

Reverien Ndikuriyo yagize ati : “Twarashimiye abo mu ntara ya Bururi. Ubwa mbere igihe najayo muri komine Matana, hariho umuntu yitwa Kaburimbo ngo yarafise centre de santé(ivuriro) akaza arashiramwo abantu akabigisha igisoda. Kaburimbo yaragisibije. Umusi njayo nababwiye nti: Kaburimbo ndamukeneye, umutwe canke akomeye, imiliyoni zitanu. Abona canke yapfuye turamukeneye Kaburimbo. Imiliyoni zitanu nizo nari natanze. Uwuzana umutwe aca aronka zitanu, haca hatangura ihiganwa ryo kumurondera.”

Uwo Kaburimbo yahavuye aburigwa irengero. Abatari bake ishavu riraraniga ku mbuga ngurukana bumenyi maze bagakwiragiza cane iri jwi rya Reverien Ndikuriyo.

Ndikuriyo arazwi mu mwaka wa 2015 aho yaremesha kurwanya abariko bakora imyirekano mu kuvuga ngo ‘Kora’ ivyatumye anatazirwa ngo “KORA”.

Raba iyo video ngaha wumve ayo majwi ya Reverien Ndikuriyo:

Recommended for you