Mu gihe kuri uyu wa gatandatu mu ntara ya Muyinga ariho hahimbazwa umusi mukuru wahariwe imbonerakure, Umunyamabanga mukuru w-umugambwe CNDD-FDD, Reverien Ndikuriyo atera akamo urwo rwaruka rw-imbonerakure rusanzwe rwegamiye umugambwe arongoye, kurikanura ndetse rukitwara gisirikare.
ˮTurashimiye imbonerakure zadefiye, tubasaba kuzobandanya mwameliora neza, mudefire gisoda kuko impfizi y-inama itendera nka se . Perezida wacu ni general-Major. Ni mupange mudefire , mudefire neza nk-ingabo ,nk-ingabo zirya nyene. Ntihagire umuntu azosubira kuvyitwaza ngo imbonerakure zigira ikarashishe . umukuru w-igihugu ni general namwe impfizi y-intama itendera nka se . Panga akarere! Kandi ni ukubwirana mwese n-abenegihugu turasavye bige gutambuka neza. Tupange neza igihugu tubahamagaye mutambuke neza kandi muri ku murongo. Muri ku bikorwa rusangi mugenda muravyina, mugenda muriruka ibirometero cumi mugaruka mwiruka,mukora igikorwa ku buryo mu musi umwe kiba giheze. Tuzoba duteye imbere mu misi irimbere, kuko dufise inguvu nyishi, dufise urwaruka rwinshi,turashobora gutera imbere mu mwanya muto. Niko Reverien Ndikuriyo yavuze.