NEWS

Reverien Ndikuriyo ahamagarira abanyagisagara ca Bujumbura kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru cakire abantu benshi

By

on

Mu gihe igihugu c’Uburundi caraye kironse itike yo kuja mw’ihaganwa rya Afrika ry’umupira w’amaguru igice ca Nyuma, Reverien Ndikuriyo, umukuru w’umupira w’amaguru wo mu Burundi, arashima cane iyo ntambwe abakinyi b’abarundi bateye.

Reverien Ndikuriyo amenyesha ko Uburundi buheruka kuja mw’ihiganwa ry’Afrika CHAN, ico gihe abakinyi bari barongowe n’umupfasoni Lydia Nsekera, ati ubu naho Uburundi bukaba buronse uburenganzira bwo gukina ubwambere kuva Uburundi bwikukiye inkino zanyuma za CAN. Izo nkino zikazobera mu gihugu ca Egypye mu kwezi kwa Ruheshi na Kigarama uwu mwaka.

Reverien Ndikuriyo arashimira abajejwe umutekano ingene bavyifashemwo kuko atamusunikano wahabaye. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka avuga ko hagurishijwe amatike yo kwinjira mu kibuga c’indege ashika 11 000 ariko abantu bangana 40 000 bari bakeneye kwinjira mu kibuga kugira birabire uwo mupira ariko ntivyokunda kuko ikibuga kitoshobora kwakira abantu bangana uko.

Kurico rero Reverien Ndikuriyo asaba abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura guterera kukigira ico kibuga cagurwe. Ati ntibigoye umwe wese yoterera ico afise Leta nayo ikaza gusahiriza.

Umukuru w’Umupira w’amaguru mu Burundi amenyesha ko afise indoto zo gushikana umurwi w’igihugu Intamba mu Rugamba murukino rw’isi yose arirwo Coupe du Monde ruzoba mu mwaka w’i 2026. Mukurindira abakinyi b’Intamba mu Rugamba bakazojanwa mu gihugu ca Turquie kwimenyereza mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa rya CAN2019.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply