NEWS

Reta y’Uburundi yaritwariye ibiro vy’umunyamabanga mukuru wa Afirika y’Ubuseruko

on

Igihugu c’Uburundi kibicishije k’umushikiranganji w’ubutungane bwaritwariye ibiro vy’umunyamabanga mukuru wa Afirika y’Ubuseruko muri sentare y’uwo muryango busaba ko amategeko akwirikizwa kw’itorwa ry’umukuru w’inama nshingamateka aheruka gutorwa muryo muryango.

Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko,Isabelle NDAHAYO yamenyesheje ko bitwariye ibiro vy’umunyambanga mukuru wa Afirika y’Ubuseruko kuko amatora aheruka yo gutora umukuru w’inama nshingamateka w’uyo muryango yaciye kubiri n’amategeko ntunganyabikorwa mu bijanye n’igitigiri c’abashingamateka gisabwa kugira amatora ashobore kuba.

Uyo mushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afirika y’Ubuseruko avuga ko bitumvikana kubona hakoreshwa inguvu murayo matora kandi inama nshingamateka y’umuryango wa Afirika y’Ubuseruko ari urwego rujejwe gutora ,kubahihiza hamwe no gukwirikiza amategeko yako karere.

Isabelle NDAHAYO amenyesha ko inama nshingamateka yuyo muryango itoba ijejwe gushiraho amategeko hama ikaba iyambere mu kuyahonyanga arico catumye Uburundi bwitwara kugira ivyo bibazo bitorerwe umuti.

Tubibutseko umukuru w’inama nshingamateka w’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA, Martin NGONGA aturuka mu gihugu c’urewanda yatowe kw’igenekerezo rya 19 Kigarama 2017, mu gihe abashingamateka bo mu gihugu c’Uburundi nabo mu gihugu ca Tanzaniya bari basohotse.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.