NEWS

Reta y’Uburundi yadugije ibiciro vy’ibitoro

By

on

Reta y’Uburundi yafashe ingingo y’ukuduza ibiciro vy’igitoro, mu bushikiranganji bujejwe amasoko ntanganguvu bakamenyesha ko ivyo bitoro vyadugijwe mu ntumbero y’ukwisunga ibiciro vyo kw’isoko mpuzamakungu.

Igitoro co mu bwoko bwa Essence cavuye ku mafaranga 2250 y’amarundi, kija ku mafaranga 2400 y’amarundi. Ni ukuvuga ko congeweko amafaranga 150 y’amarundi.

Igitoro co mu bwoko bwa Mazout cavuye ku mafaranga 2250 gishirwa ku mafaranga 2350, ni ukuvuga ko cadugijweko amafaranga ijana.

Igitoro co mu bwoko bwa Petrol nico conyene cagumijwe giciro cariko.c’amafaranga y’amarundi 2000.

Mw’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO baranegura iyo ngingo bavuga ko yafashwe giturumbuka, abaguzi, Reta hamwe n’abadandaza batabanje kuja inama. Kubwa Noweri NKURUNZIZA, umukuru w’ishirahamwe ABUCO, iduzwa ry’ibiciro vy’ibitoro rizogira ingaruka ku bindi bidandazwa abanyagihugu bakenera, agasaba ko Reta y’Uburundi yokwiga ingene igitoro coza kirashikanwa mu Burundi giciye ku kiyaga Tanganyika, kivuye i Dar Es Salaam, kuko iyo kije mu miduga gishika mu Burundi ku giciro kiri hejuru.

Recommended for you