Fri. Jan 17th, 2020

RED Tabara usaba abarundi kuja hamwe bagakora igisirikare gikomeye bakikurako Petero Nkurunziza

Umurwi RED Tabara ,usanzwe warafashe ibigwanisho kugira ukure umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hakoreshejwe inguvu wahamagariye abarundi kuwusanga ari benshi kugira bakore igisirikare gikomeye mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu babandanya bicwa n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza.

red tabara

Iki ciyumviro cuyu murwi RED Tabara casizwe ahabona inyuma yumusi umwe gusa inama y’ibihugu bigize ubumwe bwa Africa ifatiye ingingo yo kwanka kurungika abasirikare bashika ibihumbi bitanu vya MAPROBU mu Burundi kugira baze gucungera abanyagihugu birigwa baragandagurwa na cane cane mu Gisagara ca Bujumbura.

UBM News tubibutse ko Uyu murwi RED Tabara(Le mouvement de la Résistance pour un Etat de droit au Burundi) arumwe mumirwi imaze kwemanga icese ko yiyemeje gufata ibirwanisho kugira urwanye intwaro ya Petero Nkurunziza bongere bamukure kubutegetsi hakoreshejwe umuheto.