Umuhari RED TABARA urwanya Leta y-uburundi ukoresheje ibirwanisho uremanga ko ariwo waraye ukoze igitero muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi ni ku rubibe uburundi buhana na Congo iharanira intwaro rusangi(RDC) wica abasirikare b-uburundi batanu hamwe n-abapolisi indwi.
Ubicishije ku rubuga rwa Twitter, Uwo muhari utangaza ko wagize ico gitero igihe warugiye gutabara bagenzi babo bariko barasahurwa n-abo bajejwe umutekano. Mu gipolisi c-uburundi ntibahakana ivyerekeye ico gitero ariko ntibaravuga ivyahononekariye.